GoGo Media

GoGo Media Burundi’s News & Media powerhouse | Burundi & Beyond | Kirundi & English |
(1)

Igisata c'imibano, indimi, Maths-Physique hamwe n'ic'ubuhinga mu vy'amazi (hydraulique) ni vyo bifise  amanota make vyaf...
24/10/2025

Igisata c'imibano, indimi, Maths-Physique hamwe n'ic'ubuhinga mu vy'amazi (hydraulique) ni vyo bifise amanota make vyafatiweko (50%) mu bisata 33 biri ku rutonde, na yo igisata ca Informatique de Gestion akaba ari co kiza imbere ku manota angana n'ibice 70, 5 %.

Ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi bwasohoye amanota bwafatiyeko mu kibazo gitanga uburenganzira bw'ukubandanya ivyigwa muri Kaminuza y'Uburundi hamwe no mw'ishure Nderabigisha (Examen d'Etat 2025), kuri uyu wa 24 Gitugutu.

Ubwo bushikiranganji buhamagarira abakoze ico kibazo kwiyandikisha bagahitamwo ibisata bipfuza kubandanya b**a muri Kaminuza y'Uburundi baciye hano: https://inscriptionbac.ub.ed.bi canke muri baciye kuri: https://ens.edu.bi/inscriptionBac.

Bagasabwa kwiyandikisha kuva kuri uyu wa gatanu nyene igenekerezo rya 24 gushika ku wa 31 Gitugutu 2025.

Ngo abo bizogora kwiyandikisha baciye kuri ubwo buhinga bwa none, bashobora guca bishikira ku bigo vya Kaminuza y’Uburundi (campus) bibegereye vyaba ibiri i canke ivyo mu gihugu hagati hamwe no muri kugira ngo batunganirizwe.

Ubushikiranganji bw’indero bukibutsa ko kuja mu bisata vy'akarorero hazokorwa ikibazo, na vyo akaba ari: Médecine, Faculté des sciences de l'ingénieur , Faculté d'Agronomie et de Bio-Ingénierie , Institut de statistique appliquée hamwe na Institut de technologies numériques .

👇Amanota yafatiweko mu bisata bitandukanye murashobora kuyirabira hano kuri runo rutonde.

Musomyi, ubivuzeko iki?



GoGo Media

Africa moves the needle on High Net Worth Tax Compliance.......................A continental workshop on Enhancing Tax C...
24/10/2025

Africa moves the needle on High Net Worth Tax Compliance.......................

A continental workshop on Enhancing Tax Compliance Among (HNWIs) in Africa was held in Entebbe from 21-23 October, co-organised by the African Tax Administration Forum (ATAF) and the International Centre for Tax and Development (ICTD), and hosted by the Uganda Revenue Authority (URA).

The event opened with remarks from the URA Assistant Commissioner for the Large Taxpayers Office Mr Ngaruye Innocent, speaking on behalf of the Commissioner General, who stressed the need for collective action to broaden the tax base and strengthen domestic revenue mobilisation.

In her address, ATAF Executive Secretary Ms Mary Baine underlined the power of partnership, noting that collaboration among ATAF, URA and ICTD had made the workshop possible. She highlighted key challenges facing African tax administrations-under-resourcing, limited integration of third-party data, and insufficient use of administrative data for decision-making—and affirmed ATAF’s readiness to support members in achieving Domestic Revenue Mobilisation (DRM) objectives in line with the Seville Declaration. Mary encouraged administrations to approach the HNWI agenda with confidence and a solutions-oriented mindset.

An opening keynote by Mr Sam Shivute, Commissioner of the Namibia Revenue Agency (NamRA), and ATAF’s council Vice Chair, reinforced the importance of upholding the Seville principles and emphasised the pivotal role of leadership in building credible HNWI compliance programmes that are fair, effective and trusted.

The workshop also offered a high-level panel on “The Strategic and Political Dynamics of Taxing HNWIs.” Moderated by Mr Martin Hearson (Director, ICTD), the panel-Mr. Shivute, Ms Baine, and Mr Henry Ngutwa (Deputy Commissioner General, Malawi Revenue Authority) shared practical insights on strengthening compliance frameworks, improving data access and inter-institutional cooperation, and navigating political dynamics to ensure equitable and efficient taxation of the continent’s wealthiest individuals.

Over the subsequent days, participating countries exchanged experiences on profiling HNWIs, identified priority datasets and tools, and reviewed administrative and legal enablers for enforcement. The workshop concluded with a set of actionable recommendations to inform an updated ATAF Guide on Taxing High-Net-Worth Individuals and to shape future research and technical assistance to support African tax administrations in implementing robust HNWI compliance strategies.

By convening over 45 delegates from 15 African countries, the workshop translated lessons into next steps-advancing fairer tax systems, strengthening public trust and reinforcing the continent’s domestic revenue base.

 : Abanyeshure 25 bo kw’ishure ry’indaro   bari mu minwe y'igipolisi inyuma ya yegereyegere bagize yatumye ibintu bitari...
24/10/2025

: Abanyeshure 25 bo kw’ishure ry’indaro bari mu minwe y'igipolisi inyuma ya yegereyegere bagize yatumye ibintu bitari bike vyononekara kuri iryo shure.

Abo banyeshure bagirizwa guturira ibiro vy'umuyobozi bakoresheje igitoro co mu bwoko bwa hamwe n’urumogi no kumenagura ibiro vyose vy'abayobozi gushika no ku biyo biri ku masomero abanyeshure bigiramwo. Ivyo bakaba babikoze kugira ngo bashobore kuzimanganya ivyerekana amakosa bakoze yo kumenagura amakamera ari kuri iryo shure hamwe n’ukunywa urumogi.

Bivugwa n’umuyobozi w’iryo shure Nestor Hakizimana, aho amenyesha ko ivyo vyabaye igihe c’isaha umunani z’ijoro (2h) buca ari ku wa 23 Gitugutu 2025.

Nestor Hakizimana agasigura ko bamwe bari barirukanywe bahorwa iryo kosa ryo kunywa urumogi ariko baza gusanga hari abandi bakirufise. Ngo rimwe na rimwe abo banyeshure baruzanirwa mw'ibanga n'abahita hamwe n’abakozi bacunga ku bwinjiriro. Bamwe muri abo bakozi ngo barafashwe barirukanwa.

Uwo muyobozi yemeza ko uwuzokwezwa n'ubutungane azoca agaruka mw'ishure na yo abazokubitwa intahe mu gahanga na bo bahanwe.

  yarahanye amasezerano n’ishirahamwe ryatsindiye isoko ryo gukora ivyigwa.Kuri uyu wa gatatu, umuyobozi mukuru w’ishira...
23/10/2025

yarahanye amasezerano n’ishirahamwe ryatsindiye isoko ryo gukora ivyigwa.

Kuri uyu wa gatatu, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Jean Albert Manigomba, yarateye umukono ku masezerano hagati ya n’ishirahamwe ryatsindiye isoko yo gukora ivyigwa mu burere 1520 bushasha buzohabwa umuyagankuba mu .

Bitegekanijwe ko inyuma y'ivyo vyirwa, ibikorwa nyezina vyo guhereza amatara abenegihugu bizoca bitangura imbere y'uko umwaka wa 2026 uhera, mu kwezi kwa Mukakaro.

Manigomba akamenyesha ko ikeneye y’uko ibice 70% vy'abenegihugu bazoba bafise umuyagankuba muri 2030.

⚠️ Abafise ama   bariko baranka kuja gutora ibitoro muri  ,   zabo zizofatwa zibe iza   kugira izishiremwo igitoro gihab...
23/10/2025

⚠️ Abafise ama bariko baranka kuja gutora ibitoro muri , zabo zizofatwa zibe iza kugira izishiremwo igitoro gihabwe abenegihugu.

Ivyo vyavuzwe n’umukuru w'igihugu mu birori vy’ugushikiriza musitanteri wa Komine mu ntara ya , kuri uyu wa kane. Ivyo birori bikaba vyabereye ku kibuga c'umupira w'amaguru c'i .

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w'igihugu yagabishije abafise ama ariko bariko baranka kuja gutora igitoro mw'ishirahamwe , ko ama yabo azoca afatwa maze abe aya kugira ngo iyashiremwo igitoro gihabwe abenegihugu.

Agasaba abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amashengero n'imisigiti kwigisha abo batwara ingene bokwiteza imbere kugira ngo ntihagire umurundi azosigara inyuma mw'iterambere.

🙆 Ibice 27% vy'ifumbire yasabwe ni vyo bimaze kuboneka. Bikaba vyatumye isango yari yategekanijwe gutangirako umwavu iba...
23/10/2025

🙆 Ibice 27% vy'ifumbire yasabwe ni vyo bimaze kuboneka. Bikaba vyatumye isango yari yategekanijwe gutangirako umwavu ibangirwa.

📄 Biri mw'ikete ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi bwarungikiye umuyobozi mukuru w'ishirahamwe rihurikiyemwo uruganda , aho rimenyesha ko ifumbire yari gutangwa kuri uyu wa 23 Gitugutu 2025 itagitanzwe.

Ubushikiranganji bukaba bwafashe iyo ngingo kubera ko bwasanze ibikorwa vyo gukora ifumbire mw’ihingiriro bitifashe neza kuko umwimbu uri hasi cane (ku bice 27%). Bugasaba ko yobanza kuduza umwimbu n’imiburiburi ugera ku bice 50% vy’ifumbire yasabwe n’abarimyi.

😒 Na yo abanyagihugu bari biteze ifumbire uno musi basabwa kubangira irindi sango bazohabwa hanyuma.



GoGo Media

“Nta terambere twoshikako mu gihe amagara amerewe nabi.”Ivyo ni ivyashikirijwe n’umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angel...
23/10/2025

“Nta terambere twoshikako mu gihe amagara amerewe nabi.”

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye, aho yari aramutse atanguza icese isekeza ryo kurwanya ikiza ca Choléra kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 gitugutu 2025 ku kibuga ca ETS mu gisagara ca .

Umutambukanyi w’umukuru w'igihugu avuga ko choléra ari indwara yandukira kandi yica ningoga mu gihe uwuyirwaye adatabarijwe kare. Agasaba abenegihugu gutabariza ningoga uwo babonyeko ibimenyetso vy'iyo ndwara kandi bakirinda kumujana kwa rumenyi no mu vyumba vy'amasengesho kuko ivurirwa kwa muganga. Na yo abajejwe abagaray’abantu n'abajejwe intwaro bategerezwa gutohoza neza iyo umurwayi aje ava kugira ngo bakingire ikibano.

Ngo ibimenyetso vya Choléra, hariho ukudahwa n’ugucibwamwo ibintu bisa n’amazi y’umuceri. Na yo mu kuyirinda, ngo abantu bakwiye kuja barakaraba n’amazi meza n’isabuni, imbere y’ugutegura ibifungurwa no kuvyihereza, uwuvuye mu kazu ka surwumwe agakaraba hamwe n’imbere y'ukonsa umwana ku bakenyezi.

Angeline Ndayishimiye agahamagarira abajejwe intwaro gukurikirana ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk’uburiro, ubunywero amasoko n’ibindi kugira ngo bigumane isuku rikwiye canecane utuzu twa surwumwe mu ntumbero y’ugukingira neza amagara y’abenegihugu.

Ama   yaronse igitoro co mu bwoko bwa  , kuri uyu wa 23 Gitugutu 2025 mu gisagara ca  .
23/10/2025

Ama yaronse igitoro co mu bwoko bwa , kuri uyu wa 23 Gitugutu 2025 mu gisagara ca .

🤔 Kubera ubushurashuzi bwakorerwayo, ubunywero bwo ku mutumba wa   bwarugawe.🍷Ni muri Komine   yo mu ntara ya  , aho ubu...
23/10/2025

🤔 Kubera ubushurashuzi bwakorerwayo, ubunywero bwo ku mutumba wa bwarugawe.

🍷Ni muri Komine yo mu ntara ya , aho ubunywero bwa Tigana Jean bwugawe kw'itegeko rya musitanteri w'iyo komine Léopold Ndayisaba, nk'ukwo biri mw'ikete ryo kuri uno wa 22 Gitugutu 2025.

👌Imvo nyamukuru zatumye ubwo bunywero bushirwako igufuri, ngo ni ubushurashuzi bwaberayo, kutubahiriza amategeko y'isuku, uguhungabanya umutekano w'abanyagihugu baba hafi yabwo hamwe no kutubahiriza amasaha yo kwugara no kwugurura.

❓Musomyi ubivuzeko iki?

GoGo Media

Kubera ibikorwa vyo gushira intsinga ku nkingi z’umuyagankuba ku bituro vy’umuyagankuba vya    (Bujumbura), Ishirahamwe ...
22/10/2025

Kubera ibikorwa vyo gushira intsinga ku nkingi z’umuyagankuba ku bituro vy’umuyagankuba vya (Bujumbura), Ishirahamwe rimenyesha abanywanyi baryo ko hazoba ihungabana mw'itangwa ry'umuyagankuba mu Ntara za (havuyemwo izahora ari intara za na ), , hamwe na .

Ngo iryo hungabana rizoba ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 25/10/2025 kuva igihe c'isaha imwe y'igitondo gushika isaha cumi n'imwe z'umuhingamo (7h-17h) hamwe no ku musi wa mbere igenekerezo rya 27/10/2027 kuva isaha zitatu z’igitondo gushika isaha zitandatu (9h-12h).

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Gitugutu 2025 ku kirimba i   irongowe n'umukuru w'i...
22/10/2025

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Gitugutu 2025 ku kirimba i irongowe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye. Mu vyizwe harimwo integuro y'itegeko rijanye no gushinga impamba ihabwa umukozi wa Reta agiye mu gikorwa hagati mu gihugu .

Ibindi vyarimwo ni integuro y'ibwirizwa rikingira ibijanye n'amabanga y'abantu, integuro y'ibwirizwa rijanye no gutera umukono ku masezerano yo gukuraho ikori ririhishwa kabiri n'ugukinga inyuruzwa ry'amakori n'amatagisi hagati y' na Reta y'ubwami bwa ryateweko umukono i kw'igenekerezo rya 12 Rusama uyu mwaka nyene, amafaranga akoreshwa mu bikorwa canke ibirori vya , umugambi wo gutunganya urugomero rw'umuyagankuba rwa zibiri ku ruzi n'ibindi.

Na yo integuro ijanye n’itegeko ryo gushinga impamba ihabwa umukozi wa agiye mu gikorwa hagati mu gihugu, ije mu gihe ubushikiranganji butandukanye buzoba bufise ababuserukira muri buri Ntara mu ntunganyo nshasha y'igihugu.



GoGo Media

Bahitamwo gusohoka kurondera aho bashobora kwugama kubera igice kinini c'ikibuga   ata bwugamwo gifise.Abo ni bamwe mu b...
21/10/2025

Bahitamwo gusohoka kurondera aho bashobora kwugama kubera igice kinini c'ikibuga ata bwugamwo gifise.

Abo ni bamwe mu bakunzi b’umupira w’amaguru aho basigura ko batoroherwa iyo imvura iguye bari kurorera inkino ku kibuga kiri mu gisagara ca . Bagasaba ko ico kivuga cosakarwa ku mpande zose kugira abarorerezi baje kurorera inkino bashobore kworoherwa iyo imvura iguye.

Tubibutse ko ikibuga Intwari gifise ubushobozi bwo kwakira abarorerezi barenga ibihumbi 15.



GoGo Media

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when GoGo Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to GoGo Media:

Share