Worship Team EEA Tenga Rubirizi

Worship Team EEA Tenga Rubirizi Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Worship Team EEA Tenga Rubirizi, Event, Lusaka.

💥YAKOBO 5:17-18;  "Eliya yari umuntu ameze nkatwe ,asaba yinginga ngo imvura ntigwe,imvura imara imyaka itatu n'amezi at...
06/09/2026

💥YAKOBO 5:17-18; "Eliya yari umuntu ameze nkatwe ,asaba yinginga ngo imvura ntigwe,imvura imara imyaka itatu n'amezi atandatu itagwa mu gihugu; v18; yongera gusaba ,ijuru rirekura imvura, isi iramera, imirima izana umwimbu wayo.

✍️Wongere usabe, Uhoraho akore ibidasanzwe muri twebwe🔥🔥🔥

✍️✍️nzogera kuco yavuze mbere nzogera naho yambwiye kuko IMANA si umuntu ngo ibeshe 🙏🙏🙏✍️✍️kuko iyo ibivuze biraba mbere...
03/09/2026

✍️✍️nzogera kuco yavuze mbere nzogera naho yambwiye kuko IMANA si umuntu ngo ibeshe 🙏🙏🙏

✍️✍️kuko iyo ibivuze biraba mbere naho yotegeka ntanumwe ashobora kuyivuguruza 👍👍👍

✍️✍️niyo ifise ijambo ryanyuma kubugingo bwaje ........

IJORO RYIZA🙏🙏
02/09/2026

IJORO RYIZA🙏🙏

happy sunday🙏🙏
30/08/2026

happy sunday🙏🙏

❤️❤️MURABA AMAKARA NTI MUBE URUBEYA❤️❤️📖 Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg'Imana n'ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyos...
29/08/2026

❤️❤️MURABA AMAKARA NTI MUBE URUBEYA❤️❤️

📖 Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg'Imana n'ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.
Matayo 6:33

Duhe umwanya wambere Imana,tuyisenge,tuyikorere,tuyumvire hama tugire ubuzima bwejejwe nkuko ibidusaba
niho ibisigaye izobiduha nk'inyongera,ivyo kunwa,ivyo kwambara,n'ibindi Imana izobiduha

🌹❤️🇧🇮

27/08/2026

🙏✨ UBUSHOBOZI BW’AMASHIMWE ✨🙏> 🙌 Ndashimisha Uhoraho umutima wanje wose,Nderekana ibikorwa vyawe vyose bitangaza. 🌟Ndaku...
26/08/2026

🙏✨ UBUSHOBOZI BW’AMASHIMWE ✨🙏

> 🙌 Ndashimisha Uhoraho umutima wanje wose,
Nderekana ibikorwa vyawe vyose bitangaza. 🌟
Ndakunezererwa, nkiginagura; 💃🎶
Ndaririmba ishimwe ry’izina ryawe,
wewe Usumba vyose. 👑🙌
🛡️ Kukw’abansi banje basubiye inyuma,
Baratsitaye, barandukiye imbere yawe. 🙏🔥

📖 Zaburi 9:1-3 ✨

🙌 Uhoraho ni uwo gushimwa ibihe vyose! ❤️‍🔥
Amashimwe yacu abe ay’umutima wose, kuko ari we Usumba vyose. 👑🙏

We love you 🤝❤️✅
Thierry Mujama
BinBen Clovis Niho
Zion-Sion Iranyishuye

NGUKO UKO VYARI VYIFASHE AHO TWARIKO  TUNEZEREREGWA HAMWE NI ISHENGENGERO  MUKUYITAMBIRA💃🕺NO MUKUYIRIRIMBIRA🎤🎙️🎙️ 📓📓  RY...
23/08/2026

NGUKO UKO VYARI VYIFASHE AHO TWARIKO TUNEZEREREGWA HAMWE NI ISHENGENGERO MUKUYITAMBIRA💃🕺NO MUKUYIRIRIMBIRA🎤🎙️🎙️

📓📓 RY'IMANA_TWIZE_UYU_MUSI👇👇👇

📖 1. Luka 19:8

> “Ariko Zakayo arahagarara, abwira Umwami ati: Ehe, Mwigisha, ngiye guha aboro kimwe ca kabiri c’ivyo mfise; kandi nimba hari uwo nambuye ikintu, ngiye kukimwishura incuro zine.” 🙏

✍️✍️Zakayo yarerekanye ko ukwihana kwiwe kwari uk’ukuri. Ntiyavuze gusa ko yihanye, ahubwo yarahinduye ibikorwa vyiwe, asubiza abo yari yarambuye. 🌿

👉👉Ukwihana nyakuri kubonekera mu bikorwa, mu gusubiza ivyo twakosheje no mu guhindura ubuzima. ❤️

---

📖 2. Imigani 28:13

> “Uwupfuka ibicumuro vyiwe ntazororanirwa; ariko uwuvyatura akabireka azoronka imbabazi.” 🙏

✍️✍️Imana ntishaka ko duhisha amakosa yacu. Iyo tuyemeye, tukayatura kandi tukayareka, turonka imbabazi z’Imana. ✝️

👉 👉Ntuhishe ikosa wakoze; ryemere, urireke, maze usabe Imana imbabazi. ❤️

---

📖 3. Matayo 6:14

> “Kuko nimwababarira abantu ibicumuro vyabo, na So wo mw’ijuru azobababarira namwe.” 🙏

✍️✍️Yesu atwigisha ko nk’uko Imana itubabarira, natwe dukwiye kubabarira abadukoreye nabi. Kubabarira ntibisobanura ko ikibi cabaye ataco kivuze, ahubwo ni ukureka inzigo no guha Imana ububasha bwo guca urubanza. ❤️🕊️

👉 👉Umutima ubabarira abandi ni umutima ushaka kugendera mu rukundo rw’Imana.

Kwihana nyakuri ni ukwemera amakosa, kuyareka, gukosora ivyo twakosheje no kubabarira abandi. 🙏❤️✝️

UMUSI MWIZA ❤️🙏✅

✍️✍️Waranteturuye warantabaye wampinduriye izina wanciriye inzira 🤝🤝UHORAHO niwe wenyene ashobora kukurinda mu nzira zaw...
19/08/2026

✍️✍️Waranteturuye warantabaye wampinduriye izina wanciriye inzira

🤝🤝UHORAHO niwe wenyene ashobora kukurinda mu nzira zawe zose ucamwo

❌❌ntanahamwe woshobora kwinyegeza ubugombe bw'IMANA👁️👁️

🧘🧘Ca bugufi uyisenge uyisaba imbabazi kuko ubwayo ntirambirwa kwumva amasengesho ya bana bayo

💪💪reka YESU aguhe inkomezi kugira ngo ushobore gutsinda ibigeragezo
🙏🙏🙏

👇👇AYA N'AMWE MUMASANAMU YAGARAGAYE KU MUSI W'IMANA AHO TWARI MUMUNEZERO UDASANZWE TURIKO DUHIMBARIZA HAMWE NISHENGERO 🙏 ...
18/08/2026

👇👇AYA N'AMWE MUMASANAMU YAGARAGAYE KU MUSI W'IMANA
AHO TWARI MUMUNEZERO UDASANZWE TURIKO DUHIMBARIZA HAMWE NISHENGERO

🙏 NTUGIRE UBWOBA, IMANA IRAGUFASHA

📖 «Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; nturanduke umutima, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza, mbere nzogufasha.»
— Yesaya 41:10

✨ Naho uyu musi woba urimwo ingorane, ntukemere ko ubwoba buganza umutima wawe. Imana iri kumwe nawe, kandi irashobora kugukomeza aho wumva ata nguvu ugifise. 💪❤️

🌿 Gumana ukwizera. Ico utabasha uyu musi, Imana irashoboye kugikora. Ntureke gusenga, ntureke kwizera, kandi ntureke kwizigira Imana. 🙏

🔥 Uyu musi, genda ufise umutima uti:
"Imana iri kumwe nanje; rero nta co noba ntinya." ❤️

Imana ibahezagire kandi ibarinde uyu musi wose. 🙏✨

Address

Lusaka

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Worship Team EEA Tenga Rubirizi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category