03/07/2026
TWUMVIRIZE IRYO IMANA ITUYAGIYE > IDOMINIKA YA 14, MU MWAKA-A (NA PATIRI Symphorien UWIMANA)
đź’ đź’ đź’ đź’ đź’
«Dukomeze Ekleziya Muryango mu kugira ubumwe n'urukundo no mu gusangira neza ivyo Imana iduha!»
Bavukanyi dusangiye ukwemera muri Kristu, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 05 Mukakaro 2026, duhimbaza idominika ya 14 yo mu gihe gisanzwe, mu mwaka-A. Mu bisomwa vyeranda vyo kuri iyi dominika dusangamwo amajambo aturoresha ku kumenya neza uwo dukurikira, ari We Yezu Kristu.
Yezu araduhishurira kamere yiwe twebwe abiwe turi kw’isi irimwo abantu bamwe bamwe bishira hejuru, bikuririza, bashaka kuboneka, bashaka kuja hejuru y’abandi, bashaka gushira munsi y’ibirenge vyabo abandi. Ibisomwa vyeranda bidufasha kubizirikana ni ibi:
IGISOMWA CA MBERE
âž–âž–âž–âž–âž–âž–
«Ng’uwo umwami wawe araje iwawe, aje yicishije bugufi»: Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (Zakariya 9,9-10)
Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Tamba utarike, mwigeme wa Siyoni!
Nezerwa uhimbarwe, mwigeme w’i Yeruzalemu!
Ng’uwo umwami wawe araje,
ni intungane kandi ni intwari,
aje yicishije bugufi agendera ku ndogobwe,
ku ndogobwe ikiri ntoyi.
Azokura ibitwazi vyo muri Efurayimu,
be n’amafarasi yo muri Yeruzalemu;
azovunagura umuheto w’indwano,
azokwiza amahoro mu makungu.
Inganji yiwe izova ku kiyaga ishike ku kindi,
izoshemezwa kuva ku Ruzi gushika ku mpera y’isi.
IZABURI
âž–âž–âž–âž–âž–âž–
🎼 Icit.: Nzohezagira izina ryawe imisi yose, Mwami wanje, Mana mfise! [Izaburi 144(145)1-2,8-9,10-11,13cd-14]
🎼 CANKE: Alleluya!
🎶 Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya.
Eka nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
🎶 Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akomeza urukundo;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
🎶 Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire!
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
nibigâne hose ubutwari bwawe!
🎶 Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose;
araramira abagomba kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.
IGISOMWA CA KABIRI
âž–âž–âž–âž–âž–âž–âž–
«Mutima wa Kristu ari muri twebwe, kandi azotuzura»: Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Paulo yandikiye Abanyaroma (Rom.8,9.11-13)
Ncuti zanje, mweho, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo.
Umuntu atagira Mutima wa Kristu, si uw’Imana. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye, niyaba yarabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
None rero, benewacu, umwenda dufise ntitumufitiye kamere y’umuntu idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwiyonkora ibikorwa vy’umubiri, muzoramba.
INKURU NZIZA
âž–âž–âž–âž–âž–âž–âž–
Alleluya! Alleluya!
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya!
«Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima»: Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (Mat. 11,25-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Ni ko, Dawe, kuko ari ko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima, niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»
TUZIRIKANE IRYO IMANA ITUYAGIYE
âž–âž–âž–âž–âž–âž–âž–
«Nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana ashatse kumuhishurira»
Bavukanyi dusangiye ukwemera muri Kristu, kuri uyu musi w’Umukama turumvise amajambo aturoresha ku kumenya neza uwo dukurikira ari We Yezu Kristu. Tumubona avuga amajambo amuhishura uwo ari We, uhereye kuri Se, Mukama w’ijuru n’isi, hanyuma na we akivuga afatiye ku kumenya vy’ukuri ati: «Nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana», ariko arongerako ati: «Uwumenya Se abikura kuri Mwana, kuko uwo Mwana ni we amuzi neza kandi ni we amumenyesha».
Tuzirikane rero aya majambo twisunze intambuko zibiri: ubwa mbere, tumenye Imana Se w’Umukama Yezu ari We Mwana kubera uwo Mwana nyene ari we amutumenyesha; ubwa kabiri, uwamenye Mwana akamenya na Se abeshwaho na Mutima Mweranda.
1. Tumenye Imana Se w’Umukama Yezu ari We Mwana kubera ko uwo Mwana nyene ari we amutumenyesha
Dufatiye ku Nkuru Nziza twumvise, turabona Yezu ashemeza Se ati «Dawe, Mukama w’ijuru n’isi», aya majambo arakomeye cane kuko aduha kwumva no kubona ko Imana Umukama w’ijuru n’isi afise ico apfana na Yezu kuko ari Se. Mbere Yezu asubiramwo iryo jambo ngo «Dawe» incuro zitanu dushizemwo izina «Se». Vyumvikana ko ariko aduhishuka uwo ari ufatiye ku Waremye kandi agaba ijuru n’isi.
N’aho womengo uyo Mukama w’ijuru n’isi yahishije abanyabwitonzi n’abanyabwenge kumumenya, siko Yezu ashaka kubishikiriza. Burya nta gitangaje nko kubona abantu b’abanyabwitonzi n’abanyabwenge bashaka gusigura vyose. Hariho rero aho badashika. Mbere abantu bose bigira abanyabwitonzi n’abanyabwenge mu gushaka gusigura ivy’Imana, bakanatako bagatanguza ico twita amadini ataho ashobora kugeza abantu ngo bariko babamenyesha Imana.
Yezu ntashaka kubahinyuza gusa, ashaka bamenye inzira nyayo yo kumenya Imana. Ni ho aca agira ati: «Dawe yarampaye ibintu vyose». Ni ukuvuga yaramuhaye no kumenyesha abantu uwo ari We koko. Ni co gituma ashimangira ati: «Nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana ashatse kumuhishurira».
Ukumenya Se wa Yezu ari We Mukama w’ijuru n’isi biva kuri Yezu we Mwana nyene. «Nta n’umwe amenya Mwana atari Se»: burya kumenya neza Yezu nka Mwana nta wobiciye n’ikanda iyo atarungikwa, kandi ngo buke buke yihishure uwo ari We. Mu gufatira rero kuri «Se» Mukama w’ijuru n’isi, ashaka ko abantu bahora bambaza Imana yaremye ijuru n’isi boheza bakamenya ko uko bayambaza bidashemeye cane, kuko ntibamuzi neza, kiretse Mwana amuzi kuko yamuka kuri We, ni «Se». Ariko kandi nta wushobora kumumenya atamumenyeshejwe na Mwana. kuko ni We musa amuzi.
Ni co gituma rero uwo Mwana aca yivuga ahamagarira abantu kumwirukira, kuko bararushe kandi bararemerewe. Ni Yezu musa ashobora kubaruhurira kuko yitonda kandi akicisha bugufi bivuye ku mutima. Uwiremetse umutwaro wiwe, ni ukuvuga uwumwakiriye akemera ivyo amubwiye ntaremerwa kuko umutwaro wiwe nturemereye kandi n’umuzigo wiwe urahwahutse.
Mu gisomwa ca mbere bamutwereka nk’umwami aje aciye bugufi, akaza ayaga amahoro, inganji yiwe igakwira hose gushika ku mbibe z’isi. Uwize kuba nka we yiga guca bugufi, akigiraho kumenya Se wa Yezu kuko ashaka abaciye bugufi cane cane mu kwumviriza no gukurikiza ico ayaga. Ni ho uwumumenye agenzwa na Mutima w’Imana aronka.
2. Uwamenye Mwana akamenya na Se abeshwaho na Mutima Mweranda
Uwumenye rero Mwana agaheza akamuhishurira Se, aronka Mutima wa Mwana amutera kugendera mu bunywanyi na Se, mbere uwo Mutima ni we amufasha kuvuga ati «Aba», Dawe. Ingendo rero y’uwo yamenye «Se» wa Mwana ni ingendo ivavanura no kugenzwa na kamere y’umubiri. Ku bwa Mutima amugenza arica ibikorwa vyose bijanye na kamere y’umubiri maze akagenda ashushanywa na Yezu. Ni aho rero uwudafise Mutima wa Yezu ari We Mwana ntaba ari uwiwe.
Ni uko rero, bavukanyi, tumenye Imana Se w’Umukama wacu Yezu mu kwemera kugenzwa na Mutima Mweranda ngo tuvavanure n’ukugenzwa na kamere y’umubiri, dushobore kuronka ubuzima muri Mutima Mweranda. Umukama naninahazwe, We yatwimenyesheje ngo dushobore kwakira no kuronka ubuzima muri Mutima w’Imana. Amen!
____________
Patiri Symphorien UWIMANA